Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 3:11
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.


Ni nde yemeye inkuru zacu? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


Nirirwa ntegeye amaboko ihanga rigarariza, bagendera mu nzira zitari nziza, bakurikira ivyabo vyiyumviro.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!


Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibāmwākiriye.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Kukw ivyo ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura.


Ūtankunda ntiyitondera amajambo yanje, kand’ ijambo mwumva s’iryanje, ariko n’irya Data yantumye.


Ko nababgiye ivy’ isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababgira ivy’ ijuru?


Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.


Jewe naje mw izina rya Data, ntimwanyakīra: ni hagira uwundi aza mw izina ryiwe ubgiwe, we muzomwākīra.


Maze Yesu arabishura, at’ Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’ uwantumye.


Yesu arabishura, ati Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje n’iy’ ukuri, kuko nzi iyo navuye, n’iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye cank’ iyo nja.


Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’uw’ ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.


Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.


ndamubona ambgira, ati Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’ unshingira intahe.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ