Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yesu aramwishura, ati Duhūriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yesu aramwishura ati: “Muvyeyi, ivyo hari ico biturabako? Igihe canje ntikirashika?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 2:4
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?


Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli?


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco:


Buno Yesu aramwishura, at’ Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje: bikubere nk’uk’ ugomba. Umukobga wiwe aca akira uwo mwanya.


Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?


Arababaza, ati N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?


Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Maze vino ikamye, nyina wa Yesu aramubarira, ati Nta vino bafise.


Baramubaza, bati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Na we ati N’uko bakūyeh’ Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.


Yesu aramubaza, ati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde? Na we yiyumvira kw ar’ umurimyi waho, aramubgira, ati Mugenzi, namb’ ari wewe wamukūye hano, ndangira aho wamushize, ndamukūreyo.


Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.


Maze Yesu arabishura, at’ Igihe canje ntikiragera, arikw igihe canyu co, cama kiriho.


Mwebge ni mudūge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera.


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


Lewi yavuze ku vya se na nyina, ati Sinkibamenya; N’abo bavukana ntabemera, Canke ngw anamenye n’ivy’ abana biwe ubgiwe; Kukw Abalewi bakomeje ijambo ryawe, Bakitondera isezerano ryawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ