24 Ariko Yesu we ntiyabīshimira, kuko yar’ azi abantu bose,
24 Ariko Yesu ntiyabizigira kuko yari azi imitima yabo bose.
Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.
Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.
Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi
Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?
Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.
Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.
ariko mwebge ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu.
Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.
Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.
Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?
Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.
Yesu amenye mu mutima wiwe yuko bībūranya muri bo bartyo, aca arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ivyo mu mitima yanyu?
Kandi Mana yanje, nzi yuk’ usuzuma umutima, kandi k’uhimbarwa n’ubugororotsi. Nanje nshikanye ibi bintu vyose bivuye mu mutima ugororotse. Kand’ ubu ngize akanyamuneza kubona abantu bawe bari hano bagushikanira n’imitima ikunze.
Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.
Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero).
Kand’ ivyo vyago vyinshi n’imibabaro ni vyamara kubazako, iyi ndirimbo izobāgiriza nk’icabona, kukw itazokwibagirana ngw ive mu kanwa k’uruvyaro rwabo. N’ubu nzi ivyo bīgereye mu vyiyumviro vyabo, ntarabashikana mu gihugu narahiye ko nzobaha.
nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uharire, ugire ico ukora, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu bose;
Kand’ Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye natwe;
Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.