Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 2:23
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.


Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


Kandi Pasika y’Abayuda yari hafi; Yesu adūga i Yerusalemu.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwākīra, kuko babonye ivyo yakoreye i Yerusalemu vyose muri ya misi mikuru, kuko na bo bari bagiyeyo mu misi mikuru.


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.


Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.


Benshi mw ishengero baramwizera baravuga, bati Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ