21 Ariko we yavuga urusengero rw’umubiri wiwe.
21 Ariko Yesu yavuze urusengero, ashaka kuvuga umubiri wiwe.
Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.
Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.
Mbega ntimuzi yuko mur’ urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebge?
Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza,
Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.
Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we:
Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri.
akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu.