Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Yesu arabishura, ati Musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Yesu arabishura ati: “Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 2:19
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


bat’ Ewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, ni wikize: ni waba ur’ Umwana w’Imana imanure ku musaraba.


baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.


bati Twebge twaramwumvise avuga, ati Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’intoke nubake urundi mu misi itatu, rutubatswe n’intoke.


Abahahita baramucurīra, bazunguza imitwe, bati Yō, wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu,


Atangura kubigisha, at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;


Nuko Yesu asubira kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno.


Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


kuko twumvise avuga, ati Yesu Umunyanazareti azokombora aha hantu, kandi ngw azohindura imigenzo twahawe na Mose.


ariko no kubgacu, bizoduharūrwako nka kwo, kuko twizeye Iyazuye Yesu Umwami wacu imukūye mu bāpfuye,


None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.


Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.


Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka?


kuko mwahambanywe na we mw ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubgo kwizera ubushobozi bg’Imana yamuzuye mu bapfuye.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ