Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 2:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Abayuda baramubaza, bat’ Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Abayuda baramubaza bati: “Ni ikihe gitangaza wokora cotwereka ububasha ufise bwo gukora ibi?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 2:18
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi kur’ uwo musi nyene abaha ikimenyamenya, at’ Iki ni co kimenyamenya Uhoraho atanze: iki gicaniro kigira gisaduke, umunyota wo kuri co usēseke.


ati Farawo ni yabaronderakw ikimenyetso kibamenyekanisha, ubgire Aroni, uti Zana iyo nkoni witwaje, uyiterere hasi imbere ya Farawo, kugira ngw ihinduke inzoka.


Yinjiye mu rusengero, arikw arigisha, abaherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko baza kuri we, baramubaza, bati N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Kandi ni nde yaguhaye ubgo bubasha?


Haza Abafarisayo, batangura kumuhāririza, bamuronderakw ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.


Ishengero rikoraniye kuri we, atangura kubabgira, at’ Iki gihe n’igihe kibi; kirondera ikimenyetso, ariko nta kimenyetso kizohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


baramubaza, bati Non’ ubatiriza iki, k’utari Kristo, ntube Eliya canke wa muntu avugishwa n’Imana?


Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?


Babashize hagati, barababaza, bati N’ubushobozi ki, canke n’izina ki, vyabateye gukora ivyo?


ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ