Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abariko baragurisha inuma arababwira ati: “Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 2:16
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Non’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mbeg’ ihindutse nk’isenga ry’abambuzi mu maso yanyu? Erega jewe ni jewe ubganje navyiboneye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Arababgira, ati Handitswe ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Ariko barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe.


Arigisha arababgira, ati Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Arababaza, ati N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?


Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.


Atsiba imigozi ayigira nk’ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n’intama n’inka, asēsa amahera y’abariko baravunja, ahenura ameza yabo.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Yesu arababgira, ati Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora.


Yesu arabishura, ati Jewe sindimwo dayimoni, ariko nubaha Data, namwe ntimunyubaha.


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ