Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.
Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.