Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 aramubgira, at’ Umuntu wese ahora abanza gutereka vino ziryoshe, maze bāhimba akabaha izitaryoshe: ariko weho iziryoshe ni zo wabītse gushitsa ubu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 amubwira ati: “Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 2:10
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu avuga ko babakamatira no ku bindi biryoshe bir’ imbere yiwe; ariko kw ivya Benyamini bisumba ivyabo gatanu. Nuko baranywa, barahimba, banezeranwa na we.


Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.


Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje. Nomoroye isenga yanje ku giti, navuvuye imibavu yanje, Nariye ibinyagu vyanje n’ ubūki bganje, Nanyoye vino yanje n’amata yanje. Ni murye, bagenzi, Ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’ urukundo.


maz’ agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa;


Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa,


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Aba ntibaborewe nk’uko mwiyumvira, kuk’ ubu ar’ isaha zitatu z’umusi,


Kuko mu kurya, umuntu wese yisangiza ivyiwe agacura abandi: maz’ umwe agasonza, uwundi akaborerwa.


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


Kukw abasinzira basinzira mw ijoro, n’ababorerwa baborerwa mw ijoro.


Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ