Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 19:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maze Pilato asubira gusohoka, arababgira, at’ Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: “Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 19:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.


Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.


Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.


Nuko Pilato asubira mw iboma, ahamagaza Yesu, aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda?


Pilato aramubaza, ati Mbeg’ ukuri n’iki? Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja ah’ Abayuda bari, arababgira, ati Jewe nta gicumuro mbonye kuri we.


Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Kandi murazi yuk’ uwo yahishuwe kugira ngw akūreh’ ivyaha, kand’ ata caha kiri muri we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ