Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Na bo baramwishura, bati Yesu Umunyanazareti. Arababgira, ati Ni jewe. Kandi Yuda, amugura, yar’ ahagararanye na bo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.” Na we ababwira ati: “Ni jewe.” (Kandi Yuda, uwagira amugurishe, yari ahagararanye na bo.)

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:5
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.


Abo mw ishengero barabishura, bat’ Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya.


Natanayeli aramubaza, ati Mbeg’ i Nazareti hova iciza? Filipo aramubgira, ati N’uze urābe.


Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza, ati Murondera nde?


Amaze kubabarira, ati Ni jewe, bagenza imigongo, bagwa hasi.


Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ