Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 18:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza, ati Murondera nde?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 18:4
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana yawe, nta hanga na rimwe cank’ igihugu, databuja atātumye kukurondereramwo; bahakanye k’utariyo, yaciye yaka indahiro abami b’ivyo bihugu cank’ ayo mahanga ko bakubuze koko.


Nanje ndamwishura, nti Mbeg’ umuntu nkanje nohunga? Kand’ umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ngo yikize? Eka sinjayo!


Nah’ ingabo zosagaza ngo zintere, Umutima wanje ntiwotinya; Nah’ intambara yovyuka ikandwanya, No muri yo norema.


Sinzotinya abantu ibihumbi vyinshi Vy’abankikije impande zose kugira ngo bantere.


Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


ati Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’ Umwana w’umuntu azotangwa abambge.


Bariko bararya, arababgira, ati Ndababgira ukuri yuk’ umwe muri mwebge agira angure.


Maze Yesu arababgira, ati Mwebge mwese mur’ iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z’umukuku zisanzare.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Kuko yar’ azi ūzomugura uw’ ari we; ni co catumye avuga, ati Ntimukeye mwese.


Na bo baramwishura, bati Yesu Umunyanazareti. Arababgira, ati Ni jewe. Kandi Yuda, amugura, yar’ ahagararanye na bo.


Na we asubira kubabaza, ati Murondera nde? Na bo bati Yesu Umunyanazareti.


Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota.


Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.


Wammenyesheje inzira z’ubugingo, Mu nyonga hawe uzohanyuzurisha akanyamuneza.


Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ