Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 14:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Yesu aramwishura ati: “Filipo, inyuma y’iki gihe cose tumaranye, uracavuga ko utanzi? Uwumbonye wese aba abonye Data! None ni kuki uvuze uti: ‘Twereke Data’?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 14:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abimeleki ahamagaza Isaka, aramubarira, at’ Erega biraboneka kw ar’ umugore wawe! None n’iki cakuvugishije kw ari mushikawe? Isaka aramwishura, ati N’uko natinye ko bonyica kubgiwe.


Uhoraho ni we mpungirako. Mubaririra iki umutima wanje, Muti Hungira ku musozi wanyu nk’inyoni?


Uvuga ute, uti Sinanduye, kand’ uti Sinakurikiye Bayali? Itegereze inzira zawe zo mu mwonga, umenye ico wakoze! Ur’ ingamiya y’iriza y’impehu, igenda iharātwa;


Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire.


Mwa ndyarya mwe, murazi kugendeza isi n’ijuru, n’iki kibabuza kugendeza iki gihe?


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.


Iyo muba mwarammenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye.


Na bo baramubaza, bati So ari hehe? Yesu arabishura, ati Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi.


Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka?


Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako:


Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose:


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ