Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 14:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 I muhira kwa Data har’ amazu menshi, iy’ aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mu nzu kwa Data hari ivyumba vyinshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 14:2
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umushumba wiwe, ati Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, arikw imyanya iracasigaye.


Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe.


Simoni Petero aramubaza, ati Mugenzi, uja hehe? Yesu aramwishura, at’ Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, arik’ uzonkurikira hanyuma.


Mwumvise ko nababgiye, nti Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje.


Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.


Kukw Imana itādushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n’Umwami wacu Yesu Kristo,


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Kuko yar’ arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.


Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza.


aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.


Mpwemu Yera amenyekanisha artyo yukw inzira ija ahēra cane itaribgerekanwe, ihema rya mbere rikiriho:


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ