Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 13:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 13:18
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


Maze Ishimayeli mwene Netaniya avana hasi n’abo bagabo cumi bāri kumwe na we, bacumita inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, baramwica, kand’ ari we umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza igihugu.


Kand’ abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe.


Bariko bararya, arababgira, ati Ndababgira ukuri yuk’ umwe muri mwebge agira angure.


Arabishura, at’ Uwo duhūje amaboko mu gukoza mu mubehe, ni we angura.


Bugorovye azanana na bamwe cumi na babiri.


Bicaye bariko bararya, Yesu arababgira, ati Ndababgire ukuri: Umwe muri mwebge, uwo dusangira, agira angure.


Arabishura, at’ Umwe muri mwebge cumi na babiri, uwo turiko turakoreza amaboko rimwe mu mubehe, ni we.


Kandi rāba, ukuboko kw’ ūngura kuri kumwe nanje ku meza.


Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umwe muri mwebge agira angure.


Abigishwa bararābana, bazazaniwe uwo avuze uw’ ari we.


Yesu aramwishura, at’ Uwo nkorezamw’ intore, nkayimuha, azoba ari we. Akojejemw’ intore, arayikūramwo, ayihereza Yuda, mwene Simoni Isikaryota.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.


Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa.


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n’umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngw ivyanditswe bishike.


Ngw ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urw’ ari rwo.


Nuko baravugana, bati Twoye kuwutabura, tuwupfindire, ugire ūwegukiye. Kwar’ ukugira ngw ivyanditswe bishike, ngo Bagabuye impuzu zanje, Bapfindira umwambaro wanje. Ivyo ni kw abasoda babikoze.


Kukw ivyo vyabayeho kugira ngw icanditswe gishike, ngo Nta n’igufa ryiwe rizovunwa.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.


ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,


gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.


Kuko tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu kw ari we Mwami, natwe yuko tur’ abashumba banyu kubga Yesu.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ