Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 13:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yesu aramubgira, at’ Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atar’ ukwoga ibirenge, kukw aba akeye umubiri wose: namwe murakeye, ariko si mwese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yesu aramwishura ati: “Uwumaze kwoga umubiri wose, aba akeneye kwoga ibirenge gusa, kuko umubiri wiwe wose uba usukuye. Mwebwe muratunganye naho atari mwese.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 13:10
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’ukuri nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.


Uri mwiza bihebuje ga mukunzi wanje; Nta gasembga ufise.


Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni jewe Uhoraho mbivuze, ibigabitanyo vy’Abisirayeli bizoronderwa, bibure; n’ivyaha vy’Abayuda na vyo ntibizoboneka: kuko nzoharira abo nashigaje kuba amasigarira.


Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


kand’ uwabituriye amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu;


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Simoni Petero aramubgira, ati Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ ushikane ku maboko no ku mutwe.


N’ubu mwebge mumaze kwezwa kubg’ ijambo nababgiye.


Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ