Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’ umwivyi, agendana umupfuko, agasotōra ku bibītswemwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:6
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko kuko Yuda ari we yar’ afise umupfuko, bamwe bāgize ngo Yesu yamubgiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngw agire ico aha aboro.


Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?


Mw isinagogi yanyu ni hinjiramw’ umuntu yambaye impeta y’izahabu n’impuzu zishajije, hakinjira n’umworo yambaye impuzu mbi y’ubuhoma,


Arikw ico bāgomvye gusa n’uko twibuka aboro, ari co nyene nanje nari nsanzwe mfitiye umwete.


cank’ ibisuma, cank’ abifuza, cank’ imborerwa, cank’ abatukana, cank’ abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana.


Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama.


Arababgira, ati Handitswe ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Umugororotsi ababara urubanza rw’abafafara, Arik’ umunyakibi ararwiyobagiza.


Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho. Bārononekaye, bākoze ibikorwa vyo kwankwa urunuka, Nta wukora ivyiza.


na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo.


ati N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ