Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 12:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 ati N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 “Ni kuki aya mavuta atagurishijwe ngo amahera avuyemwo afashe aboro? Igiciro cayo kingana n’idenariyo amajana atatu.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 12:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero kuko dutunzwe n’agasōsa kava i bgami, tukoya kuzohava tubona umwami akēngērwa, ni co catumye tugutumako, tukabikumenyesha,


Arabishura, ati Mur’ abanebge, mur’ abanebge! Ni co kibatera kuvuga ngo mugende gushikanira Uhoraho ibimazi.


Kand’ igitigiri c’amatafari basanzwe babumba, bakigumeko; ntimubagabanye na makeya: kukw ar’ abanebge, ni co kibatakisha ngo ni bagende, bashikanire Imana yabo ibimazi.


mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma;


Uno muntu asohotse, abona mugenzi we yamurīriye umwenda w’idenariyo ijana; aramufata, amugwa mu gahogo, ati Nyishura ivyo umperaniye.


Ategeranya n’abakozi ku musi kubaha idenariyo, abarungika mu ruzabibu rwiwe.


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, inkingi iri mu jisho ryawe ntuyītegereze?


Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira az’ amugure, aravuga,


Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’ umwivyi, agendana umupfuko, agasotōra ku bibītswemwo.


Ariko kuko Yuda ari we yar’ afise umupfuko, bamwe bāgize ngo Yesu yamubgiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngw agire ico aha aboro.


Filipo aramwishura, at’ Imitsima y’idenariyo amajana abiri ntiyobakwira, nah’ umuntu wese yohabga gatoya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ