5 Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro.
5 Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro.
Maze bariko baragenda bashika mu mihana: umugore yitwa Marita aramwākīra amushikiza mu nzu yiwe.
Ariko Marita ahagarikira umutima kuzimana vyinshi; aramwēgēra, aramubgira, ati Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa? Nuko mubarire amfashe.
Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi:
Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.
Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.
Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda.
Nuko yumvise kw arwaye, asībira aho hantu yar’ ari imisi ibiri.
Abigishwa baramubgira, bati Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’ usubireyo?
Kuko Data na we ubgiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.
Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’ urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo.