34 arababaza, ati Mwamutaye hehe? Bati Mugenzi, ngwino urābe.
34 Arababaza ati: “Mwamuhamvye he?” Baramwishura bati: “Mwami ingo wirabire.”
ntari hano, kuko yazutse, nk’uko yavuze. Ngo murābe ah’ Umwami yar’ aryamye.
Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yose babona ah’ ahambge.
Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize!
Arababgira, ati Ni muze muharābe. Nuko baragenda, babona ah’ asembereye, basībira ah’ ari uno musi, hāri nk’isaha cumi.
Yesu abonye kw arira, n’Abayuda bāri kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika,
Yesu ararira.
agenda ariruka ashikīra Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababgira, ati Bākūye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bāmushize.