Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 11:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Arik’ ūgenda mw ijoro aratsitara, kuk’ umuco utari muri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro arashobora gutsitara kuko ata muco uba uhari.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 11:10
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hamwe inkozi z’ibibi zari zinziye ngo zirye inyama zanje, Ni bo barwanizi banje n’ababisha banje, bāratsitaye, baratemba.


Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.


Muheshe Uhoraho Imana yanyu icubahiro, atarazana umwiza, ibirenge vyanyu bitaratsitarira ku misozi icuze umwiza; namwe muciteze umuco akawuhindura igitūtu c’urupfu, akawugira umwiza w’umuzitanya.


Ariko noneh’ Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’ igitinyiro; ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose kuko batākoze ivy’ ubgenge, bagire ibitētērwa bitazobavako, bitazoruha vyibagirana.


ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.


Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.


Yesu arabishura, ati Non’ isaha z’umurango s’icumi na zibiri? Ūgenda ku murango ntatsitara, kukw abona umuco w’iyi si.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ