Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Arik’ uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ntizishobora gukurikira uwo zitazi, ahubwo ziramuhunga kuko zitazi ijwi ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 10:5
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yehoshafati arabaza, ati Mbeg’ uretse aba, nta muntu avugishwa n’Uhoraho yobaho ngo tumusiguze?


Mwana wanje, reka kurinda kwumviriza gutozwa indero nziza, Namb’ ugomba guta amajambo y’ubgenge.


Kand’ arababarira, ati Mwiyubare mu vyo mwumva. Ingero mugeramwo ni yo muzogererwamwo, kandi muzorengerezwa:


Mwiyubare uburyo mwumva: kuk’ ūfise azohabga, kand’ ūdafise azokwakwa n’ico yiyumvira kw afise.


Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.


Kand’ iy’ amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.


Kukw igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo,


Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.


Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko n’uko mukuzi, kandi kukw ata binyoma biva mu kuri.


ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ