Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kand’ iy’ amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 10:4
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ijwi ry’umukunzi wanje! Eh’ araje, Yikina amatavu ku misozi, Akinagira ku turambi.


Nari nsinziriye, arik’ umutima wanje uri maso: Numva ijwi ry’umukunzi wanje aramutsa, Ati Nyugururira, mushikanje, mukunzi wanje, inanuma wanje, mwiza wanje utagira agasembga; Kuk’ umutwe wanje utonzweko n’urume, N’umushatsi wanje utonzweko n’udutonyanga tw’ ijoro.


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.


Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,


Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa.


Arik’ uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi.


Abanyītangiye imbere bose bār’ ibisuma n’abambuzi, arikw intama ntizabumviye.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira.


Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje.


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Nt’ Uhoraho Imana yanyu, umwe ahora abaja imbere, ni we azobarwanira, nk’uko mwabonye ivyo yabakoreye vyose muri Egiputa,


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.


Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.


Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha,


Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ