9 Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.
9 Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.
aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.
Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.
Arikw ijisho ryawe iy’ ari ribi, umubiri wawe wose uba uri n’umwiza. Nuko wa muco uba muri wewe, woramuka ubaye umwiza, uwo mwiza wongana ute!
Kand’ umubiri wawe wose ni waba uri n’umuco, ata gice na kimwe gifise umwiza, wose uzoba uri n’umuco, nk’uk’ ukwaka kw’itara kukuboneshereza.
Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.
uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.
Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza.
Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.
Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo.
Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru.
Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.
Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge.
Kandi ndabandikira icagezwe gisha, kand’ ico n’ic’ ukuri muri we no muri mwebge: kuk’ umwiza urik’ urashira, umuco w’ukuri umaze kwaka.
Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.