4 Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.
4 Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.
Abishimira ubutunzi bgabo, Bakirata ibihinda vy’ivyo batunze,
Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.
Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.
Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.
Abantu bāri bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.
Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.
Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;
Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.
Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza.
Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.
Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.
Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba.
Nk’uko Se ari n’ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we.
Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.
Nkiri mw isi, nd’ umuco w’isi.
yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.
Kand’ uko ni ko handitswe, ng’ Umuntu wa mbere Adamu yabaye ūfise ubugingo; Adamu wo hanyuma yabaye impwemu itanga ubugingo.
Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.
Kristo, ni we bugingo bgacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekananwa na we muri mu bgiza.
Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —
kand’ ubgo bugingo bgarerekanywe, turabubona, turabushingira intahe, kandi turababarira ivy’ ubgo bugingo budashira, bgamanye na Data wa twese, tukabgerekwa —
Kand’ iyo ntahe n’iyi: n’ukw Imana yaduhaye ubugingo budashira, kand’ ubgo bugingo ko buri mu Mwana wayo.
Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.
Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.