Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:3
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.


Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe: aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ ibitungano, n’isi yose, n’ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi.


Mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’ intoke zawe.


Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.


Ico gihe nari kumwe na yo, nd’ umukozi w’umuhanga: Kand’ imisi yose narayihimbara, Nama niginagura imbere yayo;


Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.


Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.


Yari mw isi, kand’ isi yaremwe na we, arikw isi ntiyamumenya;


Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere;


ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.


no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;


Ukwizera ni kwo kutumenyesha yukw isi yaremwe n’ijambo ry’Imana, ni co catumye ibiboneka bitāremwe mu biseruka.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ