2 Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere;
2 Yari kumwe n’Imana mu ntango ya vyose.
Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.
Ico gihe nari kumwe na yo, nd’ umukozi w’umuhanga: Kand’ imisi yose narayihimbara, Nama niginagura imbere yayo;
Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.
Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana.
vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.