Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kukw ibibōgabōga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:16
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bagenda bunguka inkomezi, Umuntu wese wo muri bo aseruka imbere y’Imana i Siyoni.


Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!


Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’ uje kuri jewe?


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


Kw igicumuro c’umwe catumye urupfu rushirwa ku ngoma n’umwe, abākīra ubuntu n’ingabire yo kugororoka bisēsekaye bazorushiriza gushirwa ku ngoma mu bugingo n’umwe, Yesu Kristo.


yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.


Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,


Ariko mweho ntimuganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe.


ni ryo mubiri wiwe, unengesereye ūnengesera vyose hose.


mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.


Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we:


muri we ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe.


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ