Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 ni bo batāvyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’ umubiri, canke n’ukwifuza kw’ umugabo, ariko bāvyawe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:13
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abana basitanira mu nda yiwe: maz’ aribaza, ati Ko bimeze birtya, igituma nkiriho n’iki? Aragenda aja kubisiguza Uhoraho.


Kandi Isaka yakunda Esau, kuko yama arya ku nyama yahīgūkanye; Rebeka we yakunda Yakobo.


Isaka aca ahinda agashitsi kenshi cane, ati None ni nde yahīze, akanzanira kuri vyo, nkaba nariye, kuri vyose utaraza, nkamuhezagira? Kandi nta kabuza, umuhezagiro azowugira.


uheze uteke zīcumbe, nk’izo nsanzwe nkunda, uzinzanire ndye, mbone kuguhezagira ntarapfa.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.


Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza;


Umuntu wese yavyawe n’Imana ntakora ivyaha, kukw imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n’Imana.


Abo nkunda, dukundane: kuk’ urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana, kand’ azi Imana.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako.


Kukw icavyawe n’Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ