Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Arikw abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:12
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wewe wahaye abantu bawe b’Abisirayeli gutsindaza, ngo baze bahore ar’ abawe ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.


ati Nzozishirira icibutso mu ngoro yanje no mu rugo rwanje, ndazihe n’izina riruta kugira abahungu n’abakobga; nzoziha izina ritazoshira, ritazokūrwaho.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


Ūbākiriye aba anyakiriye, kand’ ūnyakiriye aba yākiriye uwantumye.


Kand’ izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira.


Kand’ ūzokwākīra akana kamwe nk’aka mw izina ryanje azoba anyakiriye.


yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibāmwākiriye.


uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.


kandi s’ubgo bgoko bgonyene, ariko ngw abana b’Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.


Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.


Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.


Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege.


Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.


Abarōngōrwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana.


Mpwemu ubgiwe abgiririkanya n’impwemu yacu, ar’ icabona, yuko tur’ abana b’Imana.


Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.


Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu:


Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data.


Nuko nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri we,


Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.


Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.


Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.


Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari.


Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ