3 Ni ko nahawe umugabane w’ amezi y’umwunamo, Kandi nashingiwe amajoro y’umuruho.
Ariko noneh’ irambutamitse, Yagesheje abanje bose.
Kukw ari yo izonshitsakw ivyo yangereye: Kand’ ifise ibindi vyinshi bimeze nk’ivyo.
at’ Icompa nkaba nari mmeze nk’uko nari ndi mu mezi yahise, Nko mu misi Imana yanzigamiramwo;
Nk’uk’ umugurano yifuza igitūtu, N’umucangero akarereka ingero yiwe,
Erega wahinduye imisi yanje nk’intambge z’intoke; Igihe c’ukubaho kwanje kuri wewe ni nk’ubusa: N’ukuri umuntu wese, naho yivuza, n’impwemu zihumetswe gusa. Sela.
Kuniha kurandambiye; Ukw ijoro ryije ntotesha uburiri bganje amosozi, Uburiri bganje ndayabucuncuburirako.
Nahwereye mu kajisho kubg’ intuntu, Ryakabiranijwe n’abarwanizi banje bose.
Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.