3 Ubganje nabonye igipfu kiriko kirashōra imizi, Ubgo nyene mvuma ahantu kiba.
Bahehwa vuba n’amazi; Umugabane wabo uravumwe mu gihugu: Ntibakijana inzira ija mu ruzabibu.
None se ūtubaha Imana agira ivyizigiro ki, Iy’ Imana imuciye, ikamwaka ubugingo bgiwe?
Kand’ ari jewe nari narazitiye akanwa kanje ngo ntigacumure, Ntikamuvume ngo kamwifurize gupfa;
Kukw abahezagirwa n’Uhoraho bazoragwa igihugu; Arikw abavumwa na we bazorandurwa.
I wabo hasigare imisaka, Kandi ntihakagire ūba mu mahema yabo.
Iy’ abanyakibi bārutse nk’ ubgatsi, Kand’ inkozi z’ibibi zose iyo zitotahaye, N’ukugira ngo barandurwe gushitsa ibihe vyose.
Kuko mu gitabo ca Zaburi handitswe, ngw I we hasigare umusaka, Kandi ntihakagire uwundi ahaba, kandi ng’ Ububgiriza bgiwe busubiremw’ uwundi.