3 Rāba ingene wahora wigisha benshi, Wakomeza amaboko areganutse.
Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.
bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’ Uhoraho yabanejereje, kand’ agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw abunganire mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.
Nanje nobaremeshesha akanwa kanje, Kwirura kwo gupfa kubomboranya iminwa yanje kwoborohereza.
Uk’ugutwi kwanyumva kwarampezagira, N’ijisho uko ryambona ryambera igishingantahe:
Nar’ amaso y’impumyi, Nar’ ibirenge vy’ūcumbagira.
Nari se w’abakene, Natondanuza urubanza rw’ uwo ntazi.
Abantu bāhora bantega amatwi, bakitega ico mvuga, Bagacereza, ngo bumve inama yanje.
Amajambo yawe yaramira uwarikw aratemba, Kandi wagumisha amavi aregarega.
Iminwa y’umugororotsi igaburira benshi, Arikw ibijuju vyicwa no kutagira umutima.
Iminwa y’abanyabgenge ikwiza ubgenge, Arik’ umutima w’ibipfu si k’umeze.
Uw’ ubgenge mu mutima azokwitwa umukerebutsi, Kandi n’iminwa ivuga ibiryoshe yungura ubgenge.
Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega.
Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.
Ut’ Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi uwo jewe ntābabaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntāhindukire ngw ave mu nzira yiwe mbi, ngw akire;
Kur’ uwo musi Yerusalemu hazobarirwa, ngo Ntutinye: nawe Siyoni, amaboko yawe ntadendebuke.
ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.
Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege.
Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.
Arik’ uhanūre Yosuwa, umuremēshe, umutēre gushikama, kukw ari we azorujabuka arōngōye abo bantu, akabinjiza igihugu uzoja kurāba.
Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.
Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega: