Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yobu 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi? Erega yakomeje ukugororoka kwiwe gushitsa n’ubu, naho wanteye kumugeseza ata co ndamuhōye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yobu 2:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yar’ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’ Imana.


Yowabu aramwishura, ati Biragahera! Biragahera ko hogira ico noyongobeza canke nogeseza!


Mu gihugu c’i Uzi hār’ umuntu yitwa Yobu; kand’ uwo muntu yar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi.


Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’ afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.


Umusi ur’ izina abana b’Imana baje bashengereye Uhoraho, kandi na Satani yazananye na bo.


Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?


Ehe rāba, agira anyice: nta co nkirorereye; Yamara nzokwiregura ingeso zanje imbere yayo.


Uhoraho abaza Satani, at’ Uvuye hehe? Satani yishura Uhoraho, ati Mvuye gukwiragira mw isi no kuyigendagendamwo.


Maze Satani yishura Uhoraho, at’ Amagara akābga ayandi! Mber’ ivy’ umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.


Kukw imvunaguza igihuhuta, Ikanyongeranyakw ibikomere impōye ubusa.


Naho noba mfise urubanza, akanwa kanje nyene ni ko kontsindisha: Naho noba ntunganye, konyagiriza ubugorame.


Uhoraho, uncire urubanza, kuk’ ukugororoka kwanje ari kwo ngenderamwo, Kandi nizigira Uhoraho ntakekeranya.


Witegereze ūtunganye rwose, urābe umugororotsi: Kukw amaherezo y’ūmeze artyo ar’ amahoro.


Kandi jeho ni wewe unshigikiye mu kugororoka kwanje, Kand’ unshira imbere mu nyonga zawe ibihe vyose.


Umugororotsi akizwa ivyago, Kand’ umunyakibi agwa mu mpōrero yiwe.


Ubugororotsi buzigama ūgenda agororotse, Arikw ikibi gitsinda hasi umunyavyaha.


Ūgendera mu bugororotsi bgiwe yubaha Uhoraho, Arik’ ūgoramangika inzira ziwe aba amukēngereye.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Inzira y’igihamo y’abagororotsi n’ukwitandukanya n’ikibi; Uwirinda mu nzira yiwe akiza ubugingo bgiwe.


Yesu arabishura, at’ Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.


S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ