Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 9:8
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.


Uhoraho azokūrah’ iminwa yose ihemana, N’ururimi rwihayagiza:


Wa rurimi rw’ingunge we, Azoguha iki, azoguhetera iki?


Ntunkwegane n’abanyakibi N’inkozi z’ibibi; Bavugana ivy’ amahoro na bagenzi babo, Ariko mu mitima yabo har’ imanga.


Kuko batavuga ivy’ amahoro: Ariko baja inama yo kurondera amagambo babeshera abībēreye ngaho mu gihugu.


Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.


Ubugingo bganje buri hagati y’intambge: Ndyama hagati y’abaka umuriro, Ni bo bana b’abantu, amenyo yabo n’amacumu n’imyampi; Ururimi rwabo n’inkota ikarishe.


Mutima wanje, uhwekere ku Mana yonyene, Kukw ari yo ivyizigiro vyanje vyandurukako.


Uko ni ko bazotsitazwa, urwabo rurimi bgite ruzobarwanya: Abababona bose bazozunguza imitwe.


Umuntu yāgiriza mugenzi we ibinyoma Ni nk’ubuhiri n’inkota n’ umwampi ukarishe.


Muti Kuko mu bantu biwe habonekamw’ abantu b’abanyakibi: baratega nk’ukw abatezi b’inyoni batega; batega umutego, bagafata abantu.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mwiyubarane, umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe, kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we: kuk’ umuntu wese agendanira ubugunge mugenzi we, kand’ umubanyi w’umuntu wese agenda amurementaniriza.


Kand’ umuntu wese ahenda umubanyi wiwe, ntibavugane ukuri: bātoje ururimi rwabo kuvuga ibinyoma; bīgōza gukora ivy’ ukugabitanya.


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ