5 Kand’ umuntu wese ahenda umubanyi wiwe, ntibavugane ukuri: bātoje ururimi rwabo kuvuga ibinyoma; bīgōza gukora ivy’ ukugabitanya.
Basuka uruhumyi kur’ abo bagabo bo ku rugi, uhereye ku bakuru n’abato; bacumukura barondera urwo rugi.
Canke kwihayagiza kwawe gukwiye guhoza abantu? Iy’ utukana nta wuriho yotuma ugira n’udusoni?
Kukw ibigabitanyo vyawe ari vyo vyigisha akanwa kawe, Nawe wihitiyemw’ ururimi rw’ubugunge.
Basongoye indimi zabo nk’ inzoka; Ubumara bg’imvuvyi buri mu binyigishi vyabo. Sela.
Uhaye ikibi akanwa kawe, Ururimi rwawe rwigenera ubugunge.
Ukunda ibibi kubirutisha ivyiza, N’ukubesha kukurutisha kuvuga ukuri. Sela.
Bakubiriye indimi zabo nk’ inkota, Bagenekereje imyampi yabo, ni yo magambo arura:
Ehe rāba, uwo we aramukwa ukugabitanya, Mber’ inda yasamye n’ukugira nabi, avyara ibinyoma.
Ivyiyumviro vy’abagororotsi biraroranye, Arikw imigabo y’abanyakibi n’ibinyoma.
Kuko badasinzira, shiti bakoze ikibi; Kandi n’itiro ryabo riraguruka, iyo batagize uwo bagwisha.
Bazobona ibara, abīkwegera igihano, bagikwegesheje umugozi w’ibinyoma, bakīkwegera akaziri nk’aho bagakwegesheje ikiyonzoyonzo gikwega umukogote:
Wagenze urugendo runini rurakunaniza, yamara ntiwisubiramwo, uti Nta kimazi; urahava uriyungunganya, ni co catumye utihebura.
Bābivye ingano, bimbura amahwa: bārīgōye, ntivyagira ico bibamarira; muzomāramāzwa n’ivyo mwejeje, kubg’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho.
Kuko na bene wanyu n’inzu ya so ari bo nyene bakuryarutse; ni bo nyene bakuvuza induru inyuma: nawe ntuz’ ubemerere, naho bokubarira amajambo meza.
Mbeg’ Umunyetiyopiya yoshobora guhindura urukoba rw’umubiri wiwe, cank’ ingwe yokwihindura amabara yayo? Ivyo bishobotse, namwe mwoshobora gukora ivyiza, mwebge abāmogoreye gukora ibibi.
Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Inzitiro zagutse z’i Babuloni zizosangangurwa rwose, n’amarembo yaho maremare atongozwe umuriro; kand’ amahanga azoba yar’ atamijwe n’ubusa, n’amoko azoba yar’ aruhijwe n’ibizoja mu muriro.
kand’ uz’ uvuge, ut’ Uku ni ko Babuloni hazodobera, ntihasubire kwiburuka ukundi, kubg’ ivyago Uhoraho azohatēza: kandi bazoba badendebukiwe. Amajambo ya Yeremiya agarukiye aho.
Ubabgire, ut’ Ubu ni bgo bgoko butumviye Uhoraho Imana yabo, ntibemere kwigishwa: ukuri kurapfuye, kurazimiriye mu kanwa kabo.
Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye.
Erega n’ukuruhira ubusa gusa! Ingese zayo zihambaye ntiziyivamwo; ingese zayo ntizikūrwako n’umuriro.
Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.
Yemwe bantu banje, nabakoreye iki? Canke nabagoje iki? Ni mukimbarire.
Mbega ntibiva k’Uhoraho Nyen’ ingabo kw amoko atamishwa n’ibizoturirwa n’umuriro, amahanga akiruhiriza ubusa?
Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza?
Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, kuko tur’ ingingo za bagenzi bacu.
bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi,
Hanyuma ab’ urwo runganwe bose na bo barapfa, bahamvya ababo; bakurikirwa n’urundi runganwe, abo bo bakura batazi Uhoraho, canke ngo bamenye igikorwa yakoreye Abisirayeli.