Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mwiyubarane, umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe, kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we: kuk’ umuntu wese agendanira ubugunge mugenzi we, kand’ umubanyi w’umuntu wese agenda amurementaniriza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 9:4
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.


Ūbeshera mugenzi we mu mpisho nzomurandura: Ūgamika, akagira umutima wibona, sinzomwihanganira.


Ūtarementanisha ururimi rwiwe, Ntagirire nabi mugenzi we, Ntakaze inkuru y’umubanyi wiwe.


Ūpfukapfuka urwanko n’ umunyaminwa y’ibinyoma, Kand’ ūvuga ibirementanyo n’igipfu.


Umuntu yāgiriza mugenzi we ibinyoma Ni nk’ubuhiri n’inkota n’ umwampi ukarishe.


Kuko badasinzira, shiti bakoze ikibi; Kandi n’itiro ryabo riraguruka, iyo batagize uwo bagwisha.


Kuko barya umutsima uva mu bigabitanyo, Banywa vino iva mu muryano.


Har’ ibintu bitandatu Uhoraho yanka, Mbere n’indwi bimusesema:


N’icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ ubuhūmvyi, N’ūvyura imitongano mu bavukana.


turacumura kandi twihakana Uhoraho, duta inzira tukareka gukurikira Imana yacu, tukavuga ivy’ agahahazo n’ubugarariji; dusama inda y’ ibinyoma, tukabivuga biturutse mu mutima.


Kukw abarōngōra ubu bgoko babuzimiza, kand’ abarōngōwe na bo barahona.


Kuko na bene wanyu n’inzu ya so ari bo nyene bakuryarutse; ni bo nyene bakuvuza induru inyuma: nawe ntuz’ ubemerere, naho bokubarira amajambo meza.


Bose n’abagarariji bitovugwa, bagenda barementanya; bameze nk’imiringa n’ivyuma; bose bakora ivy’ ubugunge.


Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye.


Muri wewe haba abarementaniriza abandi ngo babicishe; muri wewe haba abarīra mu bitabo ku misozi; hagati muri wewe bāhakoreye ivy’ ubushakanyi.


Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu, kandi ntihaze hagire uwitangakw icabona c’ ibinyoma co kwicisha mugenzi we: ni jewe Uhoraho.


Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza?


Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.


Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.


Ariko muzoshengezwa n’abavyeyi banyu na bo, na bene nyoko n’incuti n’abakunzi, bamwe muri mwebge bazobicisha.


ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ