Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 9:3
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arekera iyo mpuzu i ruhande yiwe, gushitsa aho shebuja wa Yosefu atahiye.


Ivyiyumviro vy’abagororotsi biraroranye, Arikw imigabo y’abanyakibi n’ibinyoma.


Inka irazi nyeneyo, n’indogoba irazi ubgato bga shebuja: arikw Abisirayeli bo nta co bazi, abantu banje nta co batahura.


Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kukw ibigabitanyo biturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ukadomeka n’ibisaka vyo mw ishamba, bigacika umwotsi wipfundikanya utwaje intunda hejuru.


Kuko na bene wanyu n’inzu ya so ari bo nyene bakuryarutse; ni bo nyene bakuvuza induru inyuma: nawe ntuz’ ubemerere, naho bokubarira amajambo meza.


Yaciriye urubanza umworo n’umukene; maze hakaba amahoro. Mbeg’ ivyo si kwo kummenya kw’ukuri? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Maze ndavuga, nt’ Erega n’ukw ari ba nyarucari: n’ibijuju, kuko batazi inzira y’Uhoraho, ntibamenye n’ukuroranya kw’Imana yabo.


Reka nje ku bakuru, mvugane na bo; kuko bo bazi inzira y’Uhoraho, n’ukuroranya kw’Imana yabo. Ariko na bo nyene bāhūrije inama hamwe kuvuna ingōgo no gucagagura imvuto.


Bose n’abagarariji bitovugwa, bagenda barementanya; bameze nk’imiringa n’ivyuma; bose bakora ivy’ ubugunge.


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Kand’ umuntu wese ahenda umubanyi wiwe, ntibavugane ukuri: bātoje ururimi rwabo kuvuga ibinyoma; bīgōza gukora ivy’ ukugabitanya.


Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye.


Arongera arambgira, at’ Uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye bakora.


Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe.


Ntimuze mwibe, ntimuze mugunge, canke ngo mubeshane.


Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’ iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Abayuda na bo bafatanya na we mur’ ico kirego, bavuga kw ivyo ari ko biri.


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


Imihogo yabo n’imva zirangāye, Bāhendahendanishije indimi zabo; Ubumara bg’inzoka buri mu binyigishi vyabo.


Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.


ko mudakangwa n’abarwanizi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’ agakiza, kandi kivuye ku Mana.


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


Arangiza iyo misi ndwi bari mu nkinga amuririra imbere; maze ku musi ugira indwi arakimubarira, kuko yamujigirije: na we aca abarira ab’i wabo ico gisōkōranyo.


Hanyuma ab’ urwo runganwe bose na bo barapfa, bahamvya ababo; bakurikirwa n’urundi runganwe, abo bo bakura batazi Uhoraho, canke ngo bamenye igikorwa yakoreye Abisirayeli.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ