2 Icompa nkaja mu bugaragwa mu ndāro y’abahita, kugira ngo nte ubgoko bgacu, ndabuvemwo! Kuko bose ar’ abasambanyi, bakaba umuhari w’abagabo baryarukana.
Kukw amaboko yanyu yandujwe n’amaraso, n’intoke zanyu zandujwe n’ibigabitanyo; iminwa yanyu yama ivuga ibinyoma, n’ururimi rwanyu ruvugira ibibi mu ntamatama.
Ewe Uhoraho, iyo nkubūranije uboneka k’ugororotse; yamara na ho nyene nogomvye ko dusiguzanya: mbeg’ igituma abanyakibi bagenda bagubga neza mu kubaho kwabo n’iki? N’iki gituma abaryarukanyi bose bidibamira ngaho?
Kuko na bene wanyu n’inzu ya so ari bo nyene bakuryarutse; ni bo nyene bakuvuza induru inyuma: nawe ntuz’ ubemerere, naho bokubarira amajambo meza.
Kandi ni wibaza mu mutima, uti N’iki gitumye mbonye aya? Umurengera w’ibigabitanyo vyawe ni wo watumye impuzu zawe zigukūrwako, ibitsintsiri vyawe bigasigara ar’ inkobe.
Kukw igihugu cuzuye abasambanyi; kubg’ umuvumo igihugu kiragandaye; imyīmīro yo ku mirāmbi irumye; ingeso zabo ni mbi, ububasha bgabo ni bubi.
Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.
Ni mwiruke hirya no hino mu nzira z’i Yerusalemu, murondere mwitegereze, mucakare no mu hiyaguye haho, namba mwobona umuntu yoba umugororotsi arondera ivy’ ukuri, nanje nzohaharira.
Kukw inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda zandyarutse rwose, ni k’Uhoraho agize.
Naho barahira uguhoraho kw’Uhoraho, n’ukuri barahira ibinyoma.
Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.
Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.
Ariko bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye.
Bose n’abasambanyi; bameze nk’iziko umucumvyi acanyemwo; areka gufurūra umuriro, iy’ amaze guhwanya ifu gushitsa ah’ iribututumbire.
Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.
Abavugishwa bawo n’ibihuruduka kandi n’abaryarukanyi; abaherezi bawo bahumanije ahēra, kandi bishe ivyagezwe ku manyama.
Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga.
Yamara muravuga, muti Ni ku ki? Ni kuk’ Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ ar’ umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano.
Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.
Hanyuma ab’ urwo runganwe bose na bo barapfa, bahamvya ababo; bakurikirwa n’urundi runganwe, abo bo bakura batazi Uhoraho, canke ngo bamenye igikorwa yakoreye Abisirayeli.