Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 9:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 banyaruke, batangure kuborogera ivyacu, kugira ngw amaso yacu acundugute amosozi, amazi yisuke ava mu bigohe vyacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 9:18
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubabgire rer’ iri jambo, ut’ Amaso yanje acunduguta amosozi ku murango no mw ijoro adahengeshanya; kuk’ umukobga w’inkumi, ari we bgoko bgacu, avunitse, ari n’imvune nini, ari n’uruguma rubi rwose.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu;


Umutima w’ab’ i Yerusalemu watakambiye Uhoraho; Bat’ Ewe wa ruzitiro rw’umukobga w’i Siyoni, reka amosozi asendanishe nk’ uruzi ku murango no mw ijoro; Nturuhe uruhuka na gatoya; imbone y’ijisho ryawe ntitenzekanye.


Amaso yanje yakobowe n’ amosozi, amara yanje aradobangana, Umutima wanje usanzariye hasi kubgo kugesezwa kw’ umukobga w’ubgoko bgacu; Kukw abana bato n’abonka barabiraniye mu nzira zo mu gisagara.


Kirāra kirarira mw ijoro, amosozi agacunduguta ku matama; Mu bakunzi baho bose ntihafise uwo kuhirura: Abagenzi baho bose bāraharyarutse, Bahindutse abansi baho.


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Yemwe bagore, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, amatwi yanyu yumvirize ijambo ryo mu kanwa kiwe; mwigishe abakobga banyu kuboroga, umugore wese yigishe mugenzi we gucura akanihiro.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra,


Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Ni wiharangure umushatsi, ewe Yerusalemu, uwushibure; uheze uturike uborogere ku mpinga mu ruharabuga; kuk’ Uhoraho yaciye ab’ uru runganwe yarakiye, akabaheba.


Amaso yanje atemberanamw’ inzūzi z’amosozi, kubgo kuririra ukuranduka kw’ umukobga w’ubgoko bgacu.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize, ari we Mwami, ati Hazoba amaborogo mu nzira zose z’ibihamo, kandi mu mayira yose bazovuga, bati N’ubuyobe, n’ubuyobe! Bazohamagara n’abarimyi ngo barire, n’abazi gucura intimba ngo baboroge.


Arik’ uhereye no mu buto bgacu, ivy’ akamāramāza ni vyo vyāmaze ivyāvuye mu butame bga ba sogokuruza; vyāmaze imikuku yabo n’amasho yabo, n’abahungu babo n’abakobga babo.


Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.


Habūwe ubugesera bugerekeranye n’ubundi; kukw igihugu cose kinyazwe, amahema yanje anyazwe giturumbuka, mber’ ayo nashinze anyazwe mu kanya isase.


Nokubarira iki? Nokugereranya n’iki, ga mukobga Yerusalemu we? Noguhwanya n’iki kugira ngo nguhūmurize ga nkumi Siyoni we? Kuk’ uruguma rwawe ari runini nk’ikiyaga: ni nde yoshobora kukuvūra?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ