Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kandi nzobasābagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushitsa mbamaze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 9:16
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


Ikigira gatatu cayo uz’ ugituririre hagati mu gisagara, igihe imisi yo gutabga hagati kwaho izoba ihereye; ikindi kigira gatatu cayo ugicagagurize inkota hirya no hino yaho; kand’ ikindi kigira gatatu cayo ukirekurire mu muyaga ng’ugishwiragize, nanje nzosokora inkota icirukane.


Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Rāba mbahozakw igitsure, ngo mbazanekw ivyago atar’ ivyiza; kand’ abagabo bose b’Abayuda bari mu gihugu ca Egiputa bazoririkwa n’inkota n’inzara, gushitsa baherengeteye.


Nuko rero nzobashwiragiza, nk’ibishingwe bitwawe n’umuyaga wo mu bugaragwa.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.


Nongeye kumanika ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa yuko nzobasanzaza mu mahanga, nkabashwiragiriza mu bihugu,


Cank’ ico gihugu ni nagitērēra inkota, nkavuga, nti Wa nkota we, genda unyuragire mu gihugu, kugira ngo nkiranduremw’ abantu n’ibitungano,


Maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzobasābagiriza mu mahanga, nkabashwiragiriza mu bihugu.


Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobakoranya mbakūre mu mahanga, kandi mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu aho mwari mwarasābagirijwe, maze mbahe igihugu c’i Bgisirayeli.


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba nzorungika inkota n’ inzara n’ikīza muri bo, mbahindure nk’insukoni ziteye ishishi, zidashoboka kuribga kubgo kubora.


Kand’ uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ni munywe, muborerwe, mudahwe, mwubameho, ntimuze musubire kuvyuka ukundi, kubg’ inkota nzorungika muri mwebge.


Kandi nzorungika inkota n’inzara n’ikīza muri bo, gushitsa aho bazoba baherengeteye mu gihugu nabahānye na ba sekuruza.


Kandi kw azotsinda uruvyaro rwabo mu mahanga, Akarushwiragiriza mu bihugu.


Ni wibuke ijambo wabariye umusavyi wawe Mose, uti Ni mwandyaruka nzobashwiragiriza mu mahanga;


Nari mmaramaje kubashwiragiriza kure, Nkazimanganya ukwibukwa kwabo mu bantu,


Uhoraho azobatangana n’umwami muzoba mwiyimikiye, abatange mu maboko y’ihanga mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza; mushitseyo muzohasabira izindi mana z’ibiti n’iz’ amabuye.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Kand’ Uhoraho azobasābagiriza mu mahanga, kandi muzosigara mur’ inkehwa mur’ ayo mahanga, iyo Uhoraho azoba yarabajanye.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


mber’ abantu bazotinya igishizwe hejuru, ubgoba buzobaterera mu nzira; igiti citwa shakedi kizokwamuza, igihori kizogenda cikwega, kand’ agapiripiri kazotituka: kuk’ umuntu yīgīra i wabo w’intahava, mu nzira hakaba uruja n’uruza rw’ abamuririra:


Ni wiharangure umushatsi, ewe Yerusalemu, uwushibure; uheze uturike uborogere ku mpinga mu ruharabuga; kuk’ Uhoraho yaciye ab’ uru runganwe yarakiye, akabaheba.


riti Nawe, mwana w’umuntu, cura intimba uririre Tiro;


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize, ari we Mwami, ati Hazoba amaborogo mu nzira zose z’ibihamo, kandi mu mayira yose bazovuga, bati N’ubuyobe, n’ubuyobe! Bazohamagara n’abarimyi ngo barire, n’abazi gucura intimba ngo baboroge.


Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ