Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 9:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ni nde munyabgenge yotahura ivyo? Kandi ni nde yabibariwe n’akanwa kanje, jewe Uhoraho, kugira ngw avyamamaze? N’iki gitumye igihugu cononekara kigasha uburimbi nk’ubugaragwa, ntihabe hakigira ūhaca?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 9:12
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.


Ūgira ubgenge wese azoshira umutima kur’ ivyo, Kandi bazokwitegereza imbabazi z’Uhoraho.


Ni nde muri mwebge yotegera ugutwi ivyo, agaca uruma akumva ivy’ igihe kizoza?


Kukw igihugu cuzuye abasambanyi; kubg’ umuvumo igihugu kiragandaye; imyīmīro yo ku mirāmbi irumye; ingeso zabo ni mbi, ububasha bgabo ni bubi.


Nuk’ uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ntimwumvirize amagambo abo ba kamenyi bababarira; babigisha ibitagira ikimazi; barotora ivyo beretswe bivuye mu mitima yabo ubgabo, bitavuye mu kanwa kanje Uhoraho.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Yemwe bagore, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, amatwi yanyu yumvirize ijambo ryo mu kanwa kiwe; mwigishe abakobga banyu kuboroga, umugore wese yigishe mugenzi we gucura akanihiro.


Nuko bazobamara umwikomo, ni mwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; ni ho muzomenya yukw ivyo nahakoreye vyose ntabitewe n’ubusa, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Maze bazorya ntibahāge, basambane ntibagwire: kuko bampemukiye, jewe Uhoraho.


Ni mujorerwe, yemwe barimyi, namwe abarimyi b’uruzabibu, ni muboroge, muririre ingano na sayiri; kukw ivyimburwa vyo mu ndimiro bibuze.


Naranduye amahanga, iminara yabo isigaye ar’ imisaka; nashibije inzira zabo, bituma ata wukihahita; ibisagara vyabo birasanganguwe, bituma hatakibonekay’ umuntu, kand’ ata wukihaba na mba.


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.


Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ