Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 9:1
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Amosozi yanje ni yo yambereye ivyo kurya ku murango no mw ijoro, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?


Rāba, mba nyerereye ngashika kure, Nkarāra mu bugaragwa. Sela.


Kubg’ ivyo nzoririra uruzabibu rw’i Sibuma, nk’ukw ab’ i Yezeri baruririra. Nzogutotesha amosozi yanje, yewe Heshiboni, nawe Eleyale: kukw akarūru k’intambara kavugiye ku vyeze vyawe vyo mu ci no ku vyimburwa vyawe.


Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu;


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Ubabgire rer’ iri jambo, ut’ Amaso yanje acunduguta amosozi ku murango no mw ijoro adahengeshanya; kuk’ umukobga w’inkumi, ari we bgoko bgacu, avunitse, ari n’imvune nini, ari n’uruguma rubi rwose.


Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!


Mbega noshobora nte kuguharira? Abana bawe barantaye, bīrahira izitar’ imana; mpejeje kubagaburira bagahāga, bāciye basambana, barema inteko i wabo w’abasambanyikazi.


Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.


banyaruke, batangure kuborogera ivyacu, kugira ngw amaso yacu acundugute amosozi, amazi yisuke ava mu bigohe vyacu.


Amaso yanje yakobowe n’ amosozi, amara yanje aradobangana, Umutima wanje usanzariye hasi kubgo kugesezwa kw’ umukobga w’ubgoko bgacu; Kukw abana bato n’abonka barabiraniye mu nzira zo mu gisagara.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Bose n’abasambanyi; bameze nk’iziko umucumvyi acanyemwo; areka gufurūra umuriro, iy’ amaze guhwanya ifu gushitsa ah’ iribututumbire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ