Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Abanyabgenge baratēterewe, barajorewe, bafashwe mpiri: erega n’uko bāgaye ijambo ryanje Uhoraho; mbeg’ ubgenge buri muri bo n’ubuki?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:9
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.


Yica imigabo y’ingunge, Kugira ngw amaboko yazo ntāgire ingene yoyishitsa.


Itegesha abanyabgenge ubugunge bgabo ubgabo, Kand’ inama z’ibidadi irazisāvya.


Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, Ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ubgenge.


Abaganwa b’i Sowani n’ibipfu rwose; inama z’abajanama ba Farawo b’abanyabgenge zihindutse iz’ ubusa: none muhangara mute kubarira Farawo, muti Nd’ umwana w’umunyabgenge, nd’umwana ava mu bami ba kera?


Nuko rero ngira nkore igikorwa c’igitangaza mur’ aba bantu, mbere n’igikorwa gitangaje c’akumiza: ubgenge bg’abanyabgenge babo buzoherengetera, n’ ubuhanga bg’abahanga babo buzokamangana.


Sogokuruza wa mbere yakoze icaha, n’abashikirwa bawe bancumuyeko.


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.


Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobāzira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Ivyago bizogerekerana n’ibindi, n’impuha zigerekerane n’izindi; bazoja kuronderera k’ūvugishwa n’Imana ko yoba har’ ico yeretswe; kukw ivyagezwe bizobura ku muherezi, n’inama zibure ku bo hambere.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abayuda, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bātītūye ivyagezwe vyanje, jewe Uhoraho, ntibitondere amabgirizwa yanje, kand’ ibigirwamana vyabo vy’ibinyoma vyarabajimije, ari vyo ba sekuruza babo nyene bākurikira.


Nuko kur’ uwo musi abīgira abavugishwa n’Imana bazogira isoni z’ivyo bārose, umuntu wese muri bo akirikw arabivuga; kandi ntibazoba bacambara insāto zo guhumbagura:


Nuko muze muvyitondere, mubishitse, kukw ivyo ari vyo bizogaragariza ayandi mahanga ubgenge bganyu n’ubunyarutsi bganyu, igihe azokwumva ayo mabgirizwa yose, akavuga, ati N’ukuri iri hanga rihambaye n’ abantu b’abanyabgenge bafise ubunyarutsi.


kand’ uzi yuk’ uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ