Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Muvugira iki, muti Tur’ abanyabgenge, kandi mut’ Ivyagezwe vy’Uhoraho bibana natwe? Ereg’ abanditsi banyu bandikishije ikaramu y’ibinyoma, banditse ibitar’ ivy’ ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:8
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umuntu we, ubgenge bgiwe n’ubujuju: Mber’ avuka nk’inyana y’ indogoba y’inyeshamba.


Abār’ imvuzi ibahindura ibiragi, Kand’ abashingantahe ibāka ubgenge bgabo.


Amenyesha aba Yakobo ijambo ryiwe, Amenyesha Abisirayeli ivyo yashinze, bo n’imanza ziwe.


Abuzukuru ni bo gitsibo c’ abatāma, Kand’ icubahiro c’abana ni ba se.


Sogokuruza wa mbere yakoze icaha, n’abashikirwa bawe bancumuyeko.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Muvuga ngw iki ngo Mur’ abahizi, kandi ngo Mur’ intōre zo kuja mu ntambara?


Naho nomwandikira ivyagezwe vyanje nkabigira isinzi, yovyita nk’ikintu c’icaduka.


ntiyubahe se canke nyina. None mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’ imigenzo yanyu.


Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ