Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mber’ igisīga sarumfune co mu kirēre kizi ibihe vyaco cāgerewe, kand’ intunguru n’intamba n’inyanāna bimenya ibihe vyavyo vyo kuziramwo; arikw abantu banje bo ntibazi ibgirizwa ryanje, jewe Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:7
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amashurwe aratanguye gushurika ku misozi, Igihe co kujwiragira kw’ inyoni kirashitse, Ijwi ry’intunguru rirumvikanye mu gihugu cacu;


Inka irazi nyeneyo, n’indogoba irazi ubgato bga shebuja: arikw Abisirayeli bo nta co bazi, abantu banje nta co batahura.


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe.


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Ni co gituma amabgirizwa asigaye yāfōrorotse, akaba ata manza ziroranye zikiboneka na mba: kuk’ umunyakibi atangatanze umugororotsi irya n’ino, bigatuma imanza ziboneka zigoramye.


Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ