Yeremiya 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nukw anshikana mu nyubakwa y’imbere yo ku ngoro y’ Uhoraho; maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho, hagati y’umuryango n’igicaniro, abantu bashika nko kuri mirongwibiri na batanu, bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho, berekeje amaso i burasirazuba, kandi bāriko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira.