Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:18
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, n’utebuke unyishure; umutima wanje urashiringitira; Ntumpishe mu nyonga hawe; Simmere nk’abamanuka baja muri rwa rwobo.


Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu;


Ku vya ba kamenyi. Umutima wanje unsābiye mu nda, amagufa yanje yose aratetemera; mmeze nk’imborerwa, nk’umuntu yaneshejwe na vino, kubg’ Uhoraho n’amajambo yiwe yera.


Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!


Twumvise inkuru zavyo, amaboko yacu arareganuka: uburibge buradufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


Ni co gituma imitima yacu ihondobera, Ivyo ni vyo bituma duhwera mu kajisho;


Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, Iminwa yanje iradegezwa kubg’ iryo iwi; Ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; Nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, Igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ