Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Gufuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikana i Dani; igihugu cose gihindishwa agashitsi no kwumva kuroherana kw’amafarasi yiwe y’intambara; kuko baje, kandi bākegese igihugu n’ibiri muri co vyose, bo n’igisagara n’ababa muri co bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:16
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wewe wayihaye gusimba nk’inzige? Erega gufuha kw’amanyama kwayo guteye ubgoba.


Isi n’iy’ Uhoraho, n’ibiyuzuye, Isi n’abayibamwo.


Rekurira uburake bgawe ku mahanga atakuzi, no ku miryango itambaza izina ryawe, kuko bātsontsomeye aba Yakobo, mbere barabatsontsomeye barabaherengeteza, bākomvomvoye aho bāba.


Arik’ uhereye no mu buto bgacu, ivy’ akamāramāza ni vyo vyāmaze ivyāvuye mu butame bga ba sogokuruza; vyāmaze imikuku yabo n’amasho yabo, n’abahungu babo n’abakobga babo.


Yamar’ abo bose bakurya na bo bazoribga; abarwanizi bawe bose, umuntu wese muri bo, bazojanwa ar’ inyagano; abākugize umunyagwa na bo bazonyagwa, abākunyaga bose nzobagira inyagano.


at’ Uku ni ko mbivuze, jewe Uhoraho, nti Twumvise ijwi ry’ abari mu gatengo no mu bgoba, atar’ iry’ abari mu mahoro.


Nararāvye, mbona imisozi, nsanga ihinda agashitsi, n’uturambi twose n’uko, turi mu gatengo.


Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.


Bumvise kudida imigere kw’amafarasi yiwe ahambaye, n’ukugenda akabushungwe kw’ imikogote yiwe, n’uguhinda kw’ amakurudumu, bituma abavyeyi batanakebuka ngo barābe abana babo kubgo gucika inkokora;


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’ umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga Babuloni.


Isi ihinze agashitsi, irasambagirika: kukw imigabo Uhoraho yagīriye i Babuloni igihamye, ngw ahindure igihugu c’i Babuloni ibitongozi, ata wukihaba.


Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga w’i Siyoni.


Humvikana inyobozo, n’uguhinda kw’amakurudumu abomborana, n’imirindi y’amafarasi agenda yiginagura, n’uguhinda kw’imikogote y’intambara isimbagurika;


Imisozi yarakubonye, irasambagirika; Amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, Hatarika amaboko yaho.


Ariko ni hagira umuntu ababgira, at’ Ico n’icāterekerejwe: ntimukakirye, kubg’ uyo abiseruye, no kubg’ ijwi ryo mu mutima.


Bacita Dani, bacitiranije na sekuruza wabo Dani mwene Isirayeli; arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Layishi.


Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.


Amafarasi avuza imirindi Agendeshwa akābushūngwe n’ abahizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ